Gusambuza urubanza - kuba mu ndagano zitegekanijwe n'amategeko - kurenga ku ngingo ya 647 C.C.L III mu kwemeza ko itongo ryaguzwe - ingingo ataco iza gufasha mu rubanza - kurenga kungingo ya 217 na 219 C.C.L III mu kwemeza ubuguzi burenza 2000 FBU atarwandiko - urubanza rusambuwe rurungikiwe iyo Sentare yaherutse kuruca hashashe abandi bacamanza - ingingo yandikwa mu gitabo c'imanza c'iyo Sentare nyene iruhande y'urubanza rusambuwe.